About Us
INTARE SPORT ni urubuga rw’abakunzi b’umupira w’amaguru bihaye intumbero yo gushikiriza amakuru y’inkino aba avugwa hirya no hino kw’isi, amakuru agezweho kandi yizewe, amakuru atarimwo uguhengama no gukoresha inyadiko zidakwiriye Muri ayo makuru twovuga amakuru y’inkino avugwa mu Burundi na cane cane mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi, Primus Ligue hamwe no mu mugwi nserukira gihugu INTAMBA MU RUGAMBA hamwe n’amakuru avugwa muri Afrika n’iburaya Si amakuru gusa kuko turandika inkuru za kahise, akahise k’abakinyi imigwi, hamwe n’ibindi , tutibagiye ubusesanguzi buri ku rwego rwo hejuru ku nkino z’umupira w’amaguru Turafasha abafana gutahura umupira w’amaguru mu kubasigurira ibintu bimwe bimwe baba badatahura kandi tukabafasha kubona umupira w’amaguru mu yindi mfuruka . Murakoze.