Comments
Diego Simeone: ‘Birasanzwe’ kuba Arsenal yipfuza Julian Alvarez

Umumenyereza wa Atletico Madrid, Diego Simeone, yamenyesheje ko atazi neza imigabo n’imigambi ya Julian Alvarez ku bijanye n’isoko ry’abakinyi ryo mu ci riri imbere, ariko yavuze ko bitahuritse kubona umusatirizi nk’uwo yokwipfuzwa n'imigwi ikomeye nka Arsenal
Simeone yatanze uturorero tw’imigwi Alvarez ashobora kujamwo, avuga amakipe nka Arsenal, Paris Saint-Germain (PSG) hamwe na Barcelona.
Uyu mukinyi akomoka muri Argentine yashitse muri Atletico mu ci ryo mu 2024 avuye muri Manchester City, aguzwe imiliyoni 95 z’ama-Euro. Afise amasezerano n’iyi kipe yo muri Espanye gushika mu 2030
Ku wa kabiri, imbere y’urukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri ca Champions League hagati ya Atletico na Arsenal, Simeone yabajijwe ico abivugako ku makuru avugwa mu Bwongereza ko Arsenal imwipfuza, n’ico abona uwo mukinyi ateganya mu ci riri imbere.
"Ntabwo ndi mu mutwe wa Julian Alvarez, ariko ndumva ko ari ibintu bisanzwe ko umukinyi afise ubuhinga budasanzwe nk’ubwiwe yokwipfuzwa na Arsenal, Paris Saint-Germain, canke Barcelona," ni ko Simeone yishuye. "Ni ibisanzwe kuko ni umukinyi mwiza cane."
Ikinyamakuru The Athletic cari canditse mu kwezi kwa Ntwarante ko Alvarez ari we aza imbere ku rutonde rw’abakinyi Deco, umuyobozi wa sport wa Barcelona, yipfuza kugura, narirya amasezerano ya Robert Lewandowski i Camp Nou agiye kurangira kandi bitazwi nimba azohaguma.
Igihe Mikel Arteta, umumenyereza wa Arsenal, yabazwa kuri izo nkuru, yanse kugira ico abivugako ati: "Ntabwo nshobora kuvuga ku bakinyi b’izindi kipe."
Alvarez na we nyene yabajijwe kuri Barcelona amaze gutsinda Tottenham Hotspur mu kwezi kwa Ntwarante.
"Nta co mfise nobabwira," ni ko yishuye. "Ivyo bavuga ni vyinshi—buri wese agira ico avuga. Ndishimye muri Atletico; turiko turarwanira ibintu bikomeye, dushitse kure muri Champions League kandi turi no ku rukino rwa Copa del Rey."
Abajijwe nimba azoba agihari mu mwaka uza, Alvarez yishuye ati: "Ntabwo nobabwira; birashobora gushika canke ntibishike, ejo ntabwo hazwi. Ndashimira cane Atletico—abafana baranyereka ko bamfitiye urukundo, kandi ndishimye hano."
Mwomenya ko Atletico itegura impinduka zikomeye mu ci riri imbere, kuko bamaze kwemeza ko Antoine Griezmann azoyivamo akaja mu murwi wa Orlando City.
