Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Arsenal ishaka Endrick, Man United na Barca bashaka Leao – Ibihuha vyo ku wa mungu

Admin's avatar
Admin
Arsenal ishaka Endrick, Man United na Barca bashaka Leao – Ibihuha vyo ku wa mungu
  • Arsenal yatanguye ibiganiro na Maxi Araujo (imyaka 26) akinira Sporting, ariko izohangana na Manchester City hamwe na Manchester United.


  • Manchester United irashobora kurekura abakinyi bashika kuri 13 bagasohoka i Old Trafford mu ci aho isosiyete ya INEOS isanzwe ari nyene umugwi iriko itegura impinduka zikomeye mu mugwi.


  • United yashize umukinyi wo hagati wa Atalanta n’igihugu ca Brezile, Ederson (imyaka 26), ku rutonde rw'abakinyi yipfuza kugura.


  • Umukinyi wo hagati w’Ubuholandi, Tijjani Reijnders (imyaka 27), ariko aripfuzwa n'imigwi yo muri Premier League no mu Buraya bwose inyuma y'umwaka wa mbere utoroshe yagize muri Manchester City.


  • Liverpool yiteguye kuriha amayero imiliyoni 60 (£51.9m) kugira isinyishe umusatirizi w’Umunya maroke, Abde Ezzalzouli (imyaka 24), akinira Real Betis.


  • Umukinyi wo hagati wa Sweden, Lucas Bergvall (imyaka 20), azohakana ivyipfuzo vya Chelsea na Aston Villa agume muri Tottenham mu gihe botsinda urugamba rwo kutamanuka mu cicaro ca kabiri.


  • Arsenal iriko irakurikiranira hafi Endrick, ubu akina muri Lyon ku ntizanyo, kandi yoshobora kumugura uyu musatirizi w'imyaka 19 w'Umunyaberezile mu ci niba Real Madrid itakimukeneye cane.


  • Umukinyi wo hagati wa Manchester City na Poritigari, Bernardo Silva (imyaka 31), ntashaka kuja mu wundi mugwi wa Premier League mu ci, ariko arashaka kuguma mu Buraya.


  • Coventry iriko irategura gukoresha amapaundi imiliyoni 200 kugira yitegurire kwinjira muri Premier League; bariko barondera umunyamyugariro wa Aston Villa na Espanye, Pau Torres (imyaka 29), hamwe n'umukinyi wo hagati wa Tottenham n'Ubwongereza, Conor Gallagher (imyaka 26).


  • Umugwi wa AC Milan witeguye kurekura umunya-Poritigari asatira ku mpande, Rafael Leao (imyaka 26), mu ci mu gihe Manchester United na Barcelona babishaka, ariko bazosaba amafaranga ari hafi y’amayero imiliyoni 60 (£51.9m).




Ronka Bonus ya 200% mu gukoresha code promo " INTARE" muri 1xbet


Raba ukuntu woronka Application ya 1xbet:


Raba ukuntu bugurura 1xbet hamwe n'ukuntu babbetinga:


Transfers

You may also like