Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Igikombe c’Umukuru w’Igihugu: Vital’o itsindiye Aigle Noir iwayo, Ntibazonkiza yerekana ko atigera asaza

Admin's avatar
Admin
Igikombe c’Umukuru w’Igihugu: Vital’o itsindiye Aigle Noir iwayo, Ntibazonkiza yerekana ko atigera asaza

Uyu munsi kuri stade NPPC i Makamba, habaye urukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri c’igikombe c’Umukuru w’Igihugu aho vyarangiye umugwi wa Vital’o FC utahanye intsinzi y’agaciro mu gutsinda Aigle Noir CS ibitsindo 2-1, urukino rwaranzwe n’uburyohe bwinshi.


Ntibazonkiza: Imyaka 39 y’ubuhinga budasanzwe


Ku munsi nyene yizihizako isabukuru y’imyaka 39 y’amavuka, uyu mugabo yerekanye ko ari "timeless" (ko ubuhinga bwiwe butigera busaza) aho ariwe yaranze urukino mu kwinjiza ibitsindo bibiri wenyene, yereka abakunzi b’umupira w’amaguru ko agifise inguvu n’ubumenyi bwo gufasha umugwi wiwe mu bihe bikomeye nka bino.


Igitsindo ca mbere yacinjije kuri penariti, igitsindo ca kabiri acinjiza kuri kufura akoresheje ubuhinga budasanzwe

Ntibazonkiza ariko arishimira igitsindo | photo ya Vital'o


Aigle Noir mu bihe bitoroshe


Ku rundi ruhande, ibintu ntibiriko biragenda neza ku mugwi wa Aigle Noir. Inyuma yo kumara hafi ihiganwa ryose rya Primus Ligue badatsinzwe urukino na rumwe, ubu bamaze gutsindwa inkino zibiri zikurikirana.


Ugutsindwa na Vision Fc muri Primus Ligue mu ndwi iheze, gukurikiwe n'ugutsindwa na Vital'o mu gikombe c'umukuru w'igihugu uno musi, vyerekanye ko Abagwanyi bariko bararangiza umwaka w'inkino nabi


Ni ibiki bigiye gukurikira?


Aigle Noir isabwa kwitegurira cane urukino rwo gusubiriza kugira barabe ko bokora comeback mu gihe Vital’o na yo ishaka kudefanda intsinzi yayo kugira ishike kuri final


Inkino z’igikombe c’Umukuru w’Igihugu zizobandanya ejo ku wa gatandatu aho hari urundi rukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri rutegekanijwe. Umugwi wa Ngozi City uzokwakira umugwi w'igipolisi Rukinzo Fc mu rukino narwo nyene rurindiranywe n’igishika cinshi n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi.

Primus Ligue

You may also like