Comments
Igikombe c’Umukuru w’Igihugu: Umubabaro i Gitega n’Ibitangaza i Nyanza

Igikombe c’Umukuru w’Igihugu kigeze mu bihe bishushe cane, aho inkino za kimwe c'umunani zasize amakipe amwe mu gahinda, ayandi na yo mu munezero ntangere. Mu mupira w’amaguru w’u Burundi, iki gikombe kirafatwa nk’uburyo bwiza bwo kwerekana ko imirwi mito ishobora gupima imirwi mikuru, kandi ivyo ni vyo mu vyukuri turiko turabona.
Ivyavuye mu nkino
Inkino ntizari zoroshe ku bibuga bitandukanye, aho imirwi umunani ari yo yaronse itike yo kubandanya mu gice ca kane ca nyuma:
- Aigle Noir 1-0 Inter Stars: Umurwi w’i Makamba wabandanije kwerekana ko uri mu bihe vyiza cane.
- Messager Ngozi 0-1 Rukinzo Fc: Intsinzi ikomeye kuri Rukinzo
- CKFA 3-4 BS Dynamik: Urukino rurimwo ibitsindo vyinshi, aho BS Dynamik yerekanye ubuhinga bwo kurwana kugeza ku munota wa nyuma.
- Vital'o 2-1 Flambeau du Centre: Urukino rutari rworoshe na gato ku mpande zompi.
- Muzinga 4-0 Bumamuru: Muzinga yasezereye Bumamuru iyirusha.
- Rocky City Nyanza 1-1 Amasipiri Never Give Up (Pen 4-3): Imirwi mito yerekanye ko umupira ari amaguru 11 kuri 11.
- Kayanza United 0-0 Musongati (Pen 3-2): Musongati yananiwe kurengana Kayanza United mu mapenalti.
- Garage 1-1 Ngozi City (Pen 6-7): Ngozi City yashoboye kurengana mu mapenalti atari yoroheje.
Umubabaro mu gisagara ca Gitega
Igisagara ca Gitega kiraye mu gahinda gakomeye aho imirwi yaho ibiri ikomeye cane yasezerewe mu gikombe. Flambeau du Centre, yari ifise igikombe giheruka, yasezerewe na Vital’o. Ibi vyerekanye ko uyu mwaka utazoba uwo kugarukana icubahiro kuri uyu murwi. Ntabwo ari Flambeau gusa, kuko na Musongati, umukeba wayo i Gitega, yasezerewe na Kayanza United. Hari haheze igihe kirekire Gitega itagira n’umurwi umwe mu gice ca kane ca nyuma c’iki gikombe.
Vital’o na Saido Ntibazonkiza: Intsinzi y’inararibonye
Muri urwo rukino Vital'o yatsinzemwo Flambeau du Centre, umukinyi rurangiranwa mu gihugu, Saido Ntibazonkiza, yerekanye ko uburambe aribwo buhindura ibintu. Saido ni we yatanze umupira (assist) wavuyemwo igitsindo c’intsinzi. Ibi bituma benshi bibaza: "Mbega uyu mukinyi amaze imyaka mu mupira azoshobora gushikana Vital'o ku gikombe c’Umukuru w’Igihugu uyu mwaka?"
Inkuru iteye igomwe ya Rocky City Nyanza
Nta gushidikanya ko Rocky City Nyanza ari yo nkuru y’uyu mwaka. Uyu murwi ukinira i Nyanza kandi utagira n’icicaro ukinamwo mu buryo buhoraho, uriko urabandanya gukora ibitangaza. Inyuma yo gusezerera Vision yari mu bibanza vya mbere mu mahiganwa, ubu bashoboye no gusezerera amakipe yo mu cicaro ca mbere. Iyi nkuru ituma benshi bagereranya uyu murwi n’iyindi yigeze gukora amateka kw’isi , yatsinze imigwi ikomeye kandi yoyo yafatwa nk'imigwi yo hasi.
Aigle Noir: Inyota y’ibikombe vyose
Aigle Noir, imaze kwitwara neza mu mahiganwa ya Primus Ligue, ubu amaso yose iyerekeje kuri "Double". Bamaze gutwara ihiganwa , ubu barashaka kwerekana ko ari bo bami b’umupira w’amaguru mu Burundi muri uyu mwaka. Ubushake n’inguvu bakinana vyerekana ko badashaka kurekura na kimwe.
Amakipe yashitse mu gice ca kane ca nyuma:
Aigle Noir, Rukinzo, BS Dynamik, Vital'o, Muzinga, Rocky City Nyanza, Kayanza United, na Ngozi City.
Nta nkeka ko nkino zikurikira zitezwe cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu gihugu cose, kuko buri murwi wose ubu ufise icizere co gukoza intoke ku gikombe.
