Comments
Eritrea : Abakinyi 7 bazimanganye muri Afurika y’Epfo

Umurwi nserukiragihugu wa Eritrea , uzwi nka "Red Sea Boys", wongeye kuvugwa mu nkuru z’agahinda n’agashavu inyuma yo gutsindira gukina inkino z’amatsinda yo kurondera itike ya AFCON 2027.
Inyuma yo gutsinda Eswatini ibitsindo 2-1 mu rukino rwa kabiri rwo kurondera itike, abakinyi bashika kuri indwi banse gutaha mu gihugu cabo, bahitamwo kuguma muri Afurika y’Epfo.
Mu bakinyi icumi basanzwe bakina mu gihugu hagati bari bajanye n’umurwi, batatu gusa nibo bashoboye gutaha. Abandi bose baburiwe irengero, aho bivugwa ko bahunze igihugu cabo kugira baronke ubuhungiro.
Ni kuki abakinyi ba Eritrea bakunda gutoroka?
Ibi si bishasha kuri Eritrea , kuko kuva mu mwaka wa 2006, uyu murwi umaze gutorokwa n'abakinyi benshi igihe cose ugiye gukinira hanze y'igihugu. Ibi biterwa n'ingingo zikomeye ziri muri ico gihugu cahawe izina ry'iritazirano rya " Koreya ya ruguru yo muri Afrika":
- Igisirikare c’agahato: Muri Eritereya, umuntu wese ategerezwa kuja mu gisirikare, kandi akenshi ntihamenyekana igihe azosohokera, ibi bigatuma urwaruka rwinshi rudashaka kuguma mu gihugu.
- Kutagira umwidegemvyo: Abanyagihugu ntibemerewe kuva mu gihugu bataronse uruhusha rudasanzwe
- Kurondera kazoza: Abakinyi b’umupira w’amaguru babona ko hanze y’igihugu ariho honyene bashobora gutera imbere batishwe n'ubwoba.
Naho Eritereya yashoboye gutsinda ku kibuga, uyu muco wo gutoroka kw'abakinyi ubandanya kwerekana ko ibibazo vya politike n'imibano muri ico gihugu bikiri ikibazo gikomeye
