Comments

No comments yet. Be the first to comment!

RDC: Abakinyi basavye ko rurangiranwa "Lumumba" abaherekeza mu Gikombe c’Isi

editor2's avatar
editor2
RDC: Abakinyi basavye ko rurangiranwa "Lumumba" abaherekeza mu Gikombe c’Isi

Umurwi nserukiragihugu wa Repubulika Iharanira Demokrasi ya Kongo (RDC) uriko uritegurira ibihe vy’amateka mu gikombe c’isi kigiye kuza. Inyuma y’imyaka 52 bagerageza, umurwi wa "Les Léopards" waronse ikibanza mw'ihiganwa rikomeye kuruta ayandi kw’isi, akaba ari akanyamuneza kadasanzwe mu gihugu cose.


Mu birori vyo kwishimira intsinzi, abakinyi ba RDC, babicishije kuri kapiteni wabo Chancel Mbemba, bashikirije Umukuru w’igihugu, Félix Tshisekedi, icipfuzo kidasanzwe: Basavye ko umufana rurangiranwa azwi kw'izina rya "Lumumba" yoshirwa mu bagize umurwi ugiye mu gikombe c’isi ku buryo buzwi n'amategeko.


Lumumba yamenyekanye mu gikombe ca Afrika giheruka muri Morocco, aho yaraba inkino zose ahagaze mu rwego rwo guha icubahiro incungu y'ukwikura ya RDC, Patrice Lumumba


"Lumumba": Ikimenyetso c’ishaka n’ubumwe


Abakinyi babona ko "Lumumba" atari umufana gusa, ahubwo ari ikimenyetso c’ubumwe bw’igihugu n’urukundo abanyagihugu bafitiye umurwi wabo. Basaba ko yoba ari kumwe nabo muri Mexico; USA na Canada kugira abongerereze inguvu mu bibuga mpuzamakungu.


Bitegekanijwe ko Perezida Tshisekedi azokwemera iki cipfuzo mu rwego rwo gushigikira ubumwe bw’abanyekongo.

Afrika

You may also like