Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Impamvu 10 zemeza ko PSG 5-4 Bayern rwarirwo rukino rwa mbere ruryoshe mu mateka ya Champions League

Admin's avatar
Admin
Impamvu 10 zemeza ko PSG 5-4 Bayern rwarirwo rukino rwa mbere ruryoshe mu mateka ya Champions League

Naho hariho inkino nyinshi zanditse amateka, urukino rwahuje Paris Saint-Germain na Bayern Munich mw'ijoro ryakeye rwashize umupira w'amaguru ku rundi rwego. Nta musomyi canke umufana n'umwe ashobora kwibagira ivyo yabonye: ibitsindo icenda mu minota mirongo icenda, gusatira kudasanzwe, urwamo rw'abafana rwatumye ikibuga ca Parc des Princes kinyiganyiga.


Abantu benshi bemeza ko ari rwo rukino ruryoshe kuruta izindi zose zigeze gukinwa muri rino higanwa. Ng'ibi ibintu 10 vyatumye runo rukino ruba urudasanzwe:


1. Amateka mashasha yaranditswe


Ibitsindo icenda mu rukino rumwe vyatumye runo ruba urwa mbere rwinjijwemo ibitsindo vyinshi mu mateka ya kimwe ca kabiri ca Champions League. Ibitsindo bitanu mu gice ca mbere gusa vyerekanye ko abakinyi b'imigwi yompi bari baje bafise inyota yo gutsinda, bitandukanye n'izindi nkino aho imigwi ikunda kugarira cane.


2. Imigwi itigera itinya gusatira


PSG na Bayern zaje zifise abakinyi bazo bose bakomeye, kandi nka zose zaramaze kwizigira ibikombe vy'iwabo. Ibi vyatumye bakina bafise inguvu n'ubushobozi bwinshi. Igitangaje ni ingene Bayern, naho yari imaze gutsindwa ibitsindo 4-2, yasatiriye ikoresheje abakinyi bashika kuri indwi icarimwe!


3. Michael Olise: Indoto


Michael Olise yerekanye ko ari mu bakinyi bakomeye mw'isi y'umupira w'amaguru. Mu gice ca mbere, uyu musore yamanutse asatira maze asiga inyuma Nuno Mendes mu buryo butangaje. Igitsindo ciwe co kunganya 2-2 cerekanye ubwenge budasanzwe. Igikombe c'isi kigiye kuza gishobora kuzoba akarima kiwe


Olise yahaye akazi gakomeye Nuno Mendes


4. Kvaratskhelia na we Yigaragaje Bidasanzwe


Nimba hari umukinyi yagerageje nka Olise, yari Kvaratskhelia. Yinjije ibitsindo bibiri, kandi uburyo yatsinzemo igitsindo ciwe ca mbere mu guca ku ruhande, agahindukira, akanyeganyeza ubukira, vyerekanye ubwenge buhanitse.


Kvaratskhelia ntiyahagarikwa



5. Ingingo z'umuhagarikizi na VAR zitavuzweko rumwe


Nta rukino rukomeye rutagira impari. panariti PSG yahawe igatuma biba 3-2 ntiyavuzweko rumwe. Umupira watewe na Dembele wakubise kw'itako rya Davies, uca uja ku kuboko kwiwe. Naho amategeko avuga ko iyo umupira ubanje gukubita ikindi gihimba imbere yuko ukubita ukuboko ata kosa riba ririmwo, VAR yemeje ko ari penariti, bituma urukino rurushirizaho gushuha.

Alphonso Davies yahaniwe iyi tushe


6. Umupira wo muri "PlayStation"


Runo rukino rwerekanye ko imigwi y'ibihangange ishobora kwubaka imigwi ikina umupira mwiza cane. Hariho ibihe mu gice ca mbere, urukino rwari rumeze nka Basketball: umwe asatira, uwundi agasatira, bava kw'izamu rimwe baja ku rindi. Vyari bishushe, biryoshe kandi biteye igomwe


7. Bamwe mu bakinyi beza bahushije uburyo bukomeye


Naho PSG yinjije ibitsindo 5 mu mipira 5 yateye mw'izamu, habayeho n'uguhusha. Dembele yarahushije amahirwe akomeye asigaranye n'umunyezamu, Senny Mayulu atera ipoto, maze na Kimmich na we agira umutwe ukomeye wakuwe ku murongo na Pacho k'umunota wa nyuma.


8. Igihushane ca Premier League


Abantu benshi bavuze ko muri Premier League ata rukino rushobora gukinwa kuri uyu rwego muri iki gihe. Nta ma ani maremare yarimwo, nta bintu vyo kudefanda cane, nta kwibanda ku mipira y'imiterekano cane, hinjijwe igitsindo kimwe gusa kuri koroneri


9. Urwamo muri Parc des Princes


Urukino rwiza rurasaba n'ahantu heza. Abafana ba PSG n'aba Bayern ntibigeze bahagarika kuririmba ijoro ryose


10. Haracasigaye iyindi minota 90


Iciza kuruta vyose ni uko runo rukino rutarangiriye hano. Mu ndwi iza, iyi migwi izosubira guhura i Munich mu rukino rwo gusubiriza. Nizere ko ata migambi n'imwe mufise kuwa gatatu w'indwi iza

Buraya

You may also like