Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Mudryk wa Chelsea yunguruje urubanza rw’imyaka ine yari yahagaritswe na FA

Admin2's avatar
Admin2
Mudryk wa Chelsea yunguruje urubanza rw’imyaka ine yari yahagaritswe na FA

Mykhailo Mudryk, umukinyi wa Chelsea, yituye Urwego Rukuru rw’Ubutungane mu vy’Inkino (CAS) mu rubanza rw’imyaka ine yafatiwe n’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Bwongereza (FA) ryamwagiriza gukoresha imiti itemewe n’amategeko


Uyu munya Ukraine w’imyaka 25, amaze amezi hafi 18 adakina inyuma y’aho isuzuma ry’umusarani muto ryerekanye ko yafashe imiti itemewe. Ivyo vyatumye ahagarikwa vy’imfatakibanza mu kwezi kwa Kigarama 2024.


Mu kwezi kwa Ruheshi 2025, nibo bamwagirije icese, hanyuma FA imufatira igihano gihambaye kuruta ibindi c’imyaka ine adakina, nk’uko bitangazwa n’umuvugizi wa CAS, urwego ruri hejuru y’izindi mu gukemura imanza z’inkino.


Mu bibazo nk’ibi, ibihano bitangura guharurwa kuva igihe umukinyi ahagarikiwe vy’imfatakibanza. Ivyo bivuze ko kugeza ubu, Mudryk yari kugaruka mu kibuga mu kwezi kwa Kigarama 2028.


Kwizigira kugaruka vuba


Ariko rero, Mudryk yungururije urwo rubanza muri CAS. Abantu begereye uwo mukinyi bavuga ko bafise icizere ko ashobora kugaruka mu kibuga imbere y’uko umwaka uza w’inkino utangura.


Mw’itangazo CAS yahaye BBC Sport, yavuze iti:


"CAS iremeza ko yakiriye urwandiko rwa Mykhailo Mudryk rwo kunguruza urubanza rwiwe n’ishirahamwe FA, rwashikirijwe ku wa 25 Ruhuhuma 2026."


BBC yamenye ko Mudryk yoba yarakoze k’umuti witwa meldonium (umuti ufasha mu guhema no gutuma umuntu adasubira guta intege vuba) igihe yari mu murwi nserukira-gihugu wa Ukraine mu kwezi kwa Gitugutu 2024.


Igihe yari amaze guhagarikwa vy’imfatakibanza, yavuze ko ivyo bintu "bimutangaje cane" kandi ko "atigeze akoresha na rimwe imiti itemewe canke ngo arenge amategeko ayo ari yo yose."


Ubu, Mudryk ariko afashwa n’ishirahamwe ry’abashingwamanza rya Morgan Sports Law. Iri shirahamwe niryo ryafashije Paul Pogba mu rubanza rw’imiti itemewe igihe yakinira Juventus.


Mudryk afise ishaka ryo gusubira gukina uno mwaka. Kugira agume akomeye, ubu arimenyereza mu murwi muto wa Uxbridge FC afatanyije n’umumenyereza wiwe bwite, ndetse akaba yararonse n'abanyegoli b’abigenga bamufasha mu myimenyerezo.



Buraya

You may also like