Comments

No comments yet. Be the first to comment!

PEP yavuze impamvu yahisemwo kuraba urukino rwo mu cicaro ca 3 aho kuba urwa PSG vs Bayern

Admin's avatar
Admin
PEP yavuze impamvu yahisemwo kuraba urukino rwo mu cicaro ca 3 aho kuba urwa PSG vs Bayern

Mu gihe isi yose y'umupira w'amaguru yariko iraraba urukino rwa PSG vs Bayern muri Champions League muri iyi ndwi, Guardiola yahisemwo kuja kuraba urukino rwahuje Stockport County na Port Vale imigwi yo mu cicaro ca gatatu mu Bwongereza


Mu kiganiro n'abamenyeshakuru uno musi imbere y'urukino rwa Everton vs Man City kuwa mbere, Pep yashize k'umugaragaro impamvu yabimuteye


Mu buryo bwo gufyina canke gutwenza, Pep yavuze ko yahisemwo kureka kuraba urukino rwa PSG vs Bayern kuko abamenyereza n'abakinyi b'iyo migwi yompi atari beza


" Umusi umwe imbere y'uko urukino ruba, nararavye ikirangamisi mbona PSG vs Bayern Munich hama mvuga ati ' oya, mbega urukino rubi.' abamenyereza b'iyo migwi si beza - Luis [ Enrique ] na Vini [ Vincent Kompany]." Niko Guardiola yavuze. " Mu vyukuri abakinyi babi,...kandi nsanzwe nibereye mu rukundo n'umupira w'amaguru w'Ubwongereza, hama ica mfata ingingo yo kuja i Stockport."


Kwakira uburyo butandukanye bw'imikinire


Uretse ivyo gutwenza, Pep yanavuze kuri urwo rukino mu buryo bw'imikenyuro avuga ko ari vyiza ko naho yasivye urukino, yubaha uburyo bwinshi butandukanywe bw'imikinire buboneka k'umugabane wa buraya


" Ni vyiza. Ivyo nivyo bigize umupira w'amaguru. Jewe nawe turatandukanye. akarorero, ndi mwiza kukurusha ( abwira umunyamakuru mu buryo bwo gufyina). Football nayo ni uko imeze. Umwe wese afise style yiwe. Rwari urukino rwiza. Atletico vs Arsenal narwo rwari urukino rwiza."

Buraya

You may also like