Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Amategeko avuga ko Arsenal yibwe penariti imbere ya Atletico Madrid

Admin2's avatar
Admin2
Amategeko avuga ko Arsenal yibwe penariti imbere ya Atletico Madrid

Inyuma y'imvura y'ibitsindo Hagati ya PSG na Bayern kuwa kabiri muri Champions League, abahagarikizi nibo baranze urukino inyuma y'amasaha 24 hagati ya Atletico na Arsenal


Arsenal izogaruka i Emirates mu ndwi iza inyuma yo kunganya 1-1 hanze kwa Atletico Madrid, ariko ivyo ntibitanga inkuru ikwiye kuvyabaye mu rukino


Urukino rwaranzwe na penariti zitatu, imwe yinjijwe na Arsenal biciye kuri Viktor Gyokeres, iyindi yinjijwe na Atletico biciye kuri Julian Alvarez, iyindi, mu buryo butavuzweko kumwe, yahawe ARSENAL ariko mu nyuma ikurwaho


Penariti ya Arsenal yakuweho nico kintu kiriko kiravugwa kurusha ibindi


Umuhagarikizi Danny Makkelie, ubwa mbere yayitanze, ariko VAR imurungitse kuraba neza, aca ayikuraho, ibintu vyasize Mikel Arteta ' ashavuye cane'


Mu mategeko ya UEFA, iyo ikosa rikozwe ridatomoye cane, ari 50-50, VAR ntiyemerewe kwitambika ku ngingo y'umuhagarikizi. Ikwiye kuyireka uko yayifashe


" Ikosa ntiryari ritomoye kandi rikomeye ( VAR yari ikwiye kureka ingingo y'umuhagarikizi ikagumaho nk'uko amategeko avuga ). Niko Arteta yavuze


" Ibi bica bihindura ukuntu urukino rugiye kubandanya rugenda. Kuri uru rwego, mumbabarire ariko ibintu nk'ibi ntivyari bikwiye kuba."


Penariti mu vyukuri yoba yari ikwiye gukurwaho?


Arsenal iraza kubabazwa na penariti yayo yakuweho imbere ya Atletico. Mu kwezi guheze konyene, twabonye ingingo itandukanye kw'ikosa risa nk'iryo nyene


Mu rukino rwo gutangura hagati ya Bayer Leverkusen na Arsenal rwa kimwe c'umunani, Arsenal yahawe penariti nk'iyo neza neza igihe Noni Madueke yarwa muri mukore umbone akorewe ikosa na Malik Tillman


Tillman ntiyamukozeko cane, vyari vyoroheje ariko yaramukozeko


None inyuma y'ukwezi, muri uru rukino rwo kuwa gatatu, David Hacko wa Atletico yakubise igodiyo ya Eze mu gihe yari yamutanze umupira


Gusa ngo ikosa ntirikomeye, riroroheje. Dufatiye kuvyo UEFA yavuze kuri penariti ya Madueke, iyi nayo yari ikwiye kuba penariti


No muri Premier League niyo mategeko akurikizwa. Naho ikosa ryoba ari rito, umuhagarikizi yarivugije, VAR ntikwiye kwitambika


Nimba uriko uravuga ko kuri Madueke yari Penariti, kubw'ivyo no kuri Eze yari ikwiye kuba penariti


Ego,iyaba ari muri Premier League, penariti ya Eze ntiyari gukurwaho


Kubwawe yari penariti?


Ego canke oya?



Buraya

You may also like