Comments
Turi muri 2026 ariko imigwi ikomeye i buraya irimwo Real Madrid iracipfuza Jose Mourinho...kubera iki??

Amakuru avuga ko Real Madrid iriko iriyumvira kugarukana Jose Mourinho i Bernabeu yatumye benshi baraba itariki yuko tutoba turi igenekerezo rya 1 ndamukiza, itariki yo kubesha. Mourinho muri 2026.....? Mbega kugaruka kwiwe twokwita "comeback"? Mourinho ameze nka film ya series idasiba gushira hanze episode zishasha naho abantu baba barambiwe.
Mu vy’ukuri, kugaruka ku ntebe y’ubwami y’umupira w’u Buraya vyoba ari amahirwe akomeye kuri Mourinho muri kino gihe c’amateka yiwe. Mu myaka iheze, vyasa nka ho ariko agendera gusa ibisagara bikomeye nka Roma, Istanbul, na Lisbon, arindiriye ko umusi umwe azohabwa akazi mu mugwi nserukira gihugu wa Porutugali inyuma y’Igikombe c’Isi.
Izina riraduga ariko ibikombe birabura
Igitangaje ni uko Mourinho amaze igihe kinini atari ku rwego rwo guhabwa akazi mu migwi ikomeye nka Madrid. Haheze imyaka 10 Mourinho adatwara igikombe ca shampiyona (Chelsea muri 2015). Inyuma y’aho, ibintu vyagiye birasubira inyuma: yirukanywe na Man Utd muri 2018, amara amezi 18 muri Tottenham, imyaka ibiri n’igice muri Roma (aho yatwaye Conference League muri 2022), umwaka muri Fenerbahce, ubu ari muri Benfica.
Naho Benfica itaratsindwa muri shampiyona, imaze kunganya inkino 8 mu nkino 27 Mourinho ayoboye, bituma basigwa na Porto amanota 7 mu gihe hasigaye inkino zitatu gusa. igitumye ibintu birushiriza kuba bibi ni uko muri Champions League yatsinzwe inkino 6 mu nkino 9 uyu mwaka.
Imico itavugwako rumwe
Si ivyerekeye intsinzi gusa, imico ya Mourinho na yo iribazwako. Muri Turikiya, ntiyakunzwe kubera uburyo akina, ariko inyifato yiwe yo hanze y’ikibuga ni yo yateje ibibazo. Yarahagaritswe inyuma yo kwagiriza abamenyereza ba Galatasaray ko "basimba nk’inkende", arongera arahagarikwa inyuma yo gufata amazuru y’umumenyereza Okan Buruk, kugeza n’aho azana "laptop" imbere y’imboneshakure kugira yerekane amakosa y’abasifuzi. Bimeze nka ho ariko aragerageza n’inguvu zose kugira ngo izina ryiwe rigume rivugwa
Ikibi kuruta vyose ni ivyabaye muri Benfica vuba, aho yavuze ko Vinicius Jr ari we yateje imvururu n’itotezwa rishingiye ku rukoba kubera uburyo yishimiye igitsindo. Igihe Mourinho yagerageza gukoresha izina rya Eusebio nk’icemezo c’uko Benfica itoshobora kurangwamwo amacakubiri, vyerekanye ko atakiri ku rwego rw’umupira ugezweho.
Kuki Madrid imukeneye?
Nimba Mourinho ari we nyishu, ikibazo gihari ni ikihe? Mu vy’ukuri, Madrid ikeneye umuntu ashobora kuganza mu rwambariro rwayo rwuzuyemwo abakinyi b'aba star bafise "ukwiyemera" kunini. Bakeneye umuntu adatinya amajambo y’abafana n’ibinyamakuru.
Naho Madrid yari yatanguye inzira yo gushaka gukina umupira ugezweho wo kwibanda ku mikenyuro (nk’umugambi wo gushaka Xabi Alonso), kugaruka kuri Mourinho ni nko gusubira inyuma mu buryo buteye agahinda. Biratandukanye cane na Carlo Ancelotti; Mourinho naho afise izina nk’irya Ancelotti, imico n’ubushobozi bwabo biratandukanye cane.
Ikimaze kumenyekana ni kimwe: nimba Mourinho asubiye i Madrid, nta muntu n'umwe azogira irungu, ariko ibishobora kuva mu nkino bizoba ari agahomamunwa.
