Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Mbega Manchester City ni yo ihabwa amahirwe menshi y'igikombe inyuma yo gutsinda Arsenal?

Admin's avatar
Admin
Mbega Manchester City ni yo ihabwa amahirwe menshi y'igikombe inyuma yo gutsinda Arsenal?

Igitsindo c'intsinzi ca Erling Haaland, urwamo n'umunezero birenze ku kibuga, be n'ingene ibintu vyari vyifashe inyuma y'ifirimbi ya nyuma


Ivyavuye mu rukino rwo ku wa Mungu ku kibuga Etihad Stadium vyerekeza amahirwe yo gutahukana Premier League ku ruhande rwa Manchester City, inyuma yo gutsinda ibitsindo 2-1 Arsenal


Umugwi wa Mikel Arteta uracari mu kibanza ca mbere ariko ubu uriko uratitira inyuma yo kubona ikinyuranyo c'amanota icenda camaze kugabanuka gushika ku manota atatu gusa mu kiringo c'indwi imwe. City kandi ifise n'urukino rw'ikirarane, kandi ishobora gusubirira Arsenal mu kibanza ca mbere mu gihe yotsinda Burnley ku kibuga Turf Moor ku mugoroba wo ku wa Gatatu.


Umugwi wa Pep Guardiola rero ukunze kwerekana inguvu zidasanzwe mu mezi abiri ya nyuma y'ihiganwa, kandi n'ubu bariko berekana ko basubiye mu bihe vyabo vyiza.


Uwo munya-Espagne ariko, yagerageje kugabanya uburemere bw'iyo ntsinzi ikomeye agira ati:

"Tuguma dufise ivyizigiro. Ariko ukuri guhari ni uko twagize urutonde rw'inkino rutoroshe kandi ntituri mu kibanza ca mbere.
Gushika ubu ni bo mugwi mwiza kurusha iyindi mu Bwongereza ariko twongereje amahirwe yo kurwana gushika ku mpera. Barahiganwa cane, turabizi. Ariko ku rundi ruhande, na twebwe ni ukwo.
Urutonde rurivugira. Ni bo beza gushika ubu muri iyi sezo. ndakeje abasore banje, ariko ntidukwiye gutakaza focus."

'Ihiganwa riratanguye bushasha' niko Arteta avuga


Amahirwe ubu ari ku ruhande rwa City - bamaze gutsindwa urukino rumwe gusa mu nkino 20 ziheruka z'ihiganwa mu gihe Arsenal yo itanguye gutakaza inguvu, kandi yatsinze urukino rumwe gusa mu nkino zitandatu ziheruka mu mahiganwa yose.


Kahise kerekana ko City igira inguvu zidasanzwe muri iki kiringo c'ihiganwa, kandi ivyavuye mu nkino zo muri Ndamukiza mu gihe ca Guardiola bitera akanyamuneza abafana babo ariko bikatera ubwoba abafana ba Arsenal.


  • Guardiola: Uku kwezi kuguma ari kwo akunda cane aho ibice bamaze gutsindako bigeze ku 71.4% (ni ukuvuga amanota 2.53 ku rukino rumwe).

  • Arteta: We abandanya kugorwa n'uku kwezi kuko atora amanota 1.48 gusa ku rukino hamwe n'ibice 39.5% vy'inkino yatsinze.


Ibiharuro bitangwa n'abahinga bo muri Opta vyerekana ko amahirwe akiri menshi ku ruhande rwa Arsenal, ariko yaragabanutse ava ku bice 97% gushika kuri 73% mu kiringo c'indwi imwe gusa, mu gihe City yo yavuye ku bice 3% ikurira gushika ku bice 27% vy'amahirwe yo gutwara igikombe.

Muri rino higanwa, Arsenal yamaze imisi 206 ku ntebe y'imbere mu gihe City yo yamaze imisi itandatu gusa ku kibanza ca mbere - kandi ivyo vyabaye mu ndwi ya mbere y'ihiganwa. Kuva Arteta yafata amabanga yo kumenyereza Arsenal muri 2019, City imaze gutwara Premier League incuro zine ariko Arsenal ni yo yamaze imisi myinshi mu kibanza ca mbere - ikaba ihafise imisi 537 mu gihe City ihafise imisi 453.


Arteta yagize ati: "Turizera bimwe bishitse ko dushobora kubikora. Uyu musi twerekanye kandi umugwi turi wo. Ivyacu biri mu maboko yacu kandi turashobora gutwara igikombe."


Uwo munya-Espagne yongeye kubwira BBC Radio 5 Live ati: "ivyavuye mu rukino vyerekana ko Twatakaje akaryo gakomeye, Bafise urukino rw'ikirarane arika muri aka kanya turacabarusha amanota atatu. Ihiganwa riratanguye bushasha kuko iyi ni Premier League nshasha."


Mbega uru rukino rusize urugamba rw'igikombe rumeze gute?


Imigwi yompi iracafise kazoza kayo mu maboko yayo muri runo rugamba rw'igikombe rushushe - naho City yotsinda inkino zose zisigaye ishobora kutabona igikombe kuko Arsenal ishobora kuyisiga ku bitsindo.


Ku rupapuro, inkino za Arsenal zisigaye zisa n'izoroshe kuko inkino zabo zitanu zisigaye bazozikina n'imigwi iri mu gice ca kabiri co hepfo ku rutonde.


Kapiteni wa City Bernardo Silva yise iyo ntsinzi "iyikomeye cane" yongerako ati: "Bidushira mu kibanza c'uko turamutse dutsinze urukino rwacu dusigaranye duca tunganya amanota. Mu ndwi zibiri ziheruka iki kintu nticaboneka ko gishoboka. Ndahimbawe kuko dushobora kuba ku manota amwe."



Ni nde azotwara igikombe? Ivyiyumviro vya Murphy na Rooney


  • Wayne Rooney (Uwahoze ari kapiteni wa Man Utd): Yabwiye ikiganiro BBC Match of the Day ko Arsenal izotwara igikombe isize Man City amanota abiri, aho aba Gunners bazotsinda inkino zabo zose zisigaye mu gihe Man City izonganya na Everton.
"uru rugamba rw'igikombe ntirurahera... Bizohagarara ku mugwi uzogaragaza gutekana cane ku mutima - ni wo uzotwara igikombe."
  • Danny Murphy (Uwahoze akina muri Tottenham na Liverpool): Yabwiye ikiganiro Match of the Day ko Man City izotwara igikombe ikoresheje ibitsindo, mu gihe imigwi yompi yotsinda inkino zayo zisigaye.
"Mbona ko ibintu vyose biriko birashira igikombe kuri City. Momentum (inguvu), kwizigira hamwe n'ivyo bintu vyose."


Ku giti cawe, ninde uha amahirwe menshi yo gutahukana iki gikombe?

Ubusesenguzi

You may also like