Comments
Mbega ARSENAL yoba igiye kubura vyose?

Tuvugishe ukuri: Naho mu ndwi ziheze abantu bavuga ko Arsenal ishobora gutwara ibikombe bine (quadruple), intumbero nyamukuru y’uyu mugwi ntiyigeze iba gutwara ibikombe vya Carabao Cup canke FA Cup. Intumbero yabo yari iyindi: Gutwara igikombe ca Premier League na Champions League.
Ingene umumenyereza Mikel Arteta yahisemwo gukoresha umunyezamu wa kabiri, Kepa Arrizabalaga ku rukino rwa nyuma rwa Carabao Cup bahura na Manchester City, hamwe n’abakinyi yakoresheje mu gice ca kane gishira ic’anyuma ca FA Cup bahura na Southampton, vyerekanye neza aho ashize inguvu ziwe.
Ariko rero, Arteta yari yemeye ko gutsinda City i Wembley vyari guha Arsenal inguvu zo gushikira izo ntumbero zindi zisumbuye. Yavuze ati: "Gutsinda birafasha—kandi gutwara igikombe bifasha kurusha, kuko bitanga ukwizigira. Bituma wumva ko mu gihe gikwiye ushobora gushika ku co wipfuza."
Ku bw’iyo mvo, igikorwa Arsenal ifise mu ndwi ziri imbere kigiye kurushiriza gukomera.
Naho urukurikirane rw’inkino rugiye kugabanuka (kubera ko bavuye mu gikombe ca FA Cup batsinzwe na Southampton yo mu cicaro ca kabiri), za nguvu n’ishaka Arteta yari yiteze ntivyabonetse.
None ko gutsinda bituma ukwizigira kwiyongera, mbega gutsindwa inkino zikurikirana ntibishobora gutuma haza icizere gike n’ubwoba mu bihe nyamukuru vyo gutwara ibikombe?
Arsenal iracari imbere mu bahabwa amahirwe yo gutwara Premier League, kuko irusha City amanota icenda (naho yakinye urukino rumwe kurenga, kandi bafise urukino ruzobahuriza i Manchester mu ndwi zibiri ziri imbere). Baracafise n’amahirwe muri Champions League, aho bagiye i Lisbonne guhura na Sporting CP mu gice ca kane gishira ic’anyuma ku wa kabiri.
Arteta yavuze ko iki ari "igihe kiryoshe kurusha ibindi mu mwaka"—kandi niba we n’umugwi wiwe bashobora gutwara Premier League (ubwa mbere kuva mu 2004) canke Champions League (ubwa mbere mu mateka y’umugwi), abafana bazoba bari mu munezero ntangere.
Ariko rero, ntabwo ibintu biriko biragenda neza muri Arsenal muri iyi misi. Bamaze imisi bageramiwe mu nkino zabo, kandi presyo (pressure) igiye kurushiriza kwiyongera. Ikindi kitaborohereza, ni uko Manchester City yo iriko iraryoherwa mu nkino zayo kandi ifise ukwizigira kwinshi, kandi baracari no mu gikombe ca FA Cup aho bazohura na ya Southampton nyene yakuyemwo Arsenal.
Urukino ruzobera i Manchester ku wa 19 Ndamukiza ruzoba ari rurangiza. Ariko mu vy’ukuri, ubu urukino rwose kuri Arsenal rumeze nka final.
