Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Vinícius arungikiye ubutumwa Yamal, avuga ku vyerekeye amasezerano yiwe, n’imigenderanire afitaniye na Alonso hamwe na Mbappé

Admin's avatar
Admin
Vinícius arungikiye ubutumwa Yamal, avuga ku vyerekeye amasezerano yiwe, n’imigenderanire afitaniye na Alonso hamwe na Mbappé

Imbere y’urukino rukomeye Real Madrid igiye guhuriramo na Bayern Munich mu gice ca kane gishira ic’anyumaca Champions League, Vinícius Júnior, yashize amajambo yose ku mugaragaro.


Ibijanye n’urukino rwa Bayern Munich


Vinícius yavuze ko abafana ba Real Madrid bazogira uruhara rukomeye mu gutsinda urwo rukino ruzobera ku kibuga ca Santiago Bernabéu. Yemeye ko Bayern Munich ari umugwi ukomeye, ariko avuga ko Real Madrid ifise ubuhinga buhagije bwo guhangana n’izo nkino zikomeye. Ku bijanye n’uko Harry Kane ashobora kutazokina, yavuze ko bitazogabanya inguvu za Bayern kuko ifise abandi bakinyi benshi b’abahinga.


Iyongerwa ry’amasezerano muri Real Madrid


Vinícius yeruye avuga ko adashobora kwiyumvira kuva muri Real Madrid. Yavuze ko asigaje umwaka umwe ku masezerano yiwe, ariko ko adashaka guhagarika umutima kuko yizigira ubuyobozi bw’umugwi na Perezida wawo. Yongeyeko ko Real Madrid atari umugwi gusa kuri we, ariko ko ari "umugwi w’indoto ziwe" ashaka kuzosigira amateka akomeye.


Imigenderanire na Xabi Alonso


Vinícius ntiyaripfanye ku bijanye n’igihe yamaze akorana n’umumenyereza Xabi Alonso. Yavuze ko atigeze aronka amahirwe ahagije yo gukina, kandi ko uburyo Alonso amenyereza butamubereye neza, na cane cane mu buryo bwo kuyaga. Ariko yavuze ko iyo yabaye inyigisho ikomeye kuri we mu buryo bw’umwuga.


Ibijanye n'ivangura (Racism) n’ubutumwa kuri Lamine Yamal


Vinícius yavuze ko ivangura rikiri ikibazo gikomeye mu mupira w’amaguru. Yasavye abandi bakinyi bakiri bato, nka Lamine Yamal, kubandanya kurwanya iyo migenzo mibi. Yavuze ko ivangura riri hose (mu Budagi, muri Espanye, no muri Poritigali), kandi ko bikeneye ubumwe bwa bose kugira ngo birandurwe burundu.


Imigenderanire na Kylian Mbappé

Ku bijanye na Mbappé, Vinícius yavuze ko ivyo abantu bavuga inyuma y’ikibuga atari vyo bituma ibintu bimeze nabi mu kibuga. Yavuze ko Mbappé ari umukinyi w’agaciro gakomeye afasha umugwi kwizigira mu gutsinda ibitsindo, na cane cane mu nkino zikomeye nk’iyi.

Buraya

You may also like