Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Kuva muri Crystal Palace gushika ku kuba umuyobozi wo kurema i Buraya: Ingene Michael Olise yabaye "umu winger wa mbere mwiza kw'isi" muri Bayern Munich

Admin's avatar
Admin
Kuva muri Crystal Palace gushika ku kuba umuyobozi wo kurema i Buraya: Ingene Michael Olise yabaye "umu winger wa mbere mwiza kw'isi" muri Bayern Munich

Naho hari amakuru aheruka kwandikwa avuga ko Liverpool ibona Michael Olise nk’umukinyi akwiye gusubirira Mohamed Salah agiye kugenda, kwipfuza uwo mukinyi w’imbere w’Umufaransa no kumuronka ni ibintu bibiri bitandukanye cane. Naho Liverpool yatsinze Bayern Munich mu rugamba rwo kugura Florian Wirtz mw'ici riheze, ubu Bayern nta mugambi na muto ifise wo kugurisha Olise muri The Reds


"Umukinyi wa mbere mwiza yaguzwe aja muri Bundesliga mu myaka 10 iheze"


Ingingo ya Bayern yo kuriha Crystal Palace imiliyoni 60 z’ama-Euro mw'ici ryo mu 2024 yarakekeranijwe n’abahinga benshi ariko nta nkeka ko impano yoyo yagaragara. Olise yari amaze guca uduhigo twinshi i Selhurst Park, kandi na Thierry Henry yarumirwa n’ubushobozi bwiwe igihe bakorana mu mugwi w’Ubufaransa mu nkino za Olempike.


"Afise ubuhinga butangaje, kandi ntimurabona namba, iyi ni intango gusa," uwo ni Henry, umwe mu basatirizi beza umupira wabonye, yabivuga n’imbere y’uko Olise akina urukino na rumwe muri Bayern.

Naho Henry yemeza ko ari "ifaranga ryiza" Bayern yakoresheje, abandi bamubona nk'umukinyi ateye amakenga kubera imvune za hamstring zamuzahaje mu mwaka w’2023-24. Ariko ubu, Kuva ashitse i Allianz Arena, uwo musore w’imyaka 24 ntarasiba urukino na rumwe kubera imvune, ivyo bikaba bishimisha cane umumenyereza Vincent Kompany.


"Ishurira inyishu zawe mu kibuga"


Igihe yerekwa abamenyeshamakuru ubwa mbere, Olise yaboneka nk’umuntu adashaka kuvuga cane, ariko abakurikirana Premier League ntibatangaye kuko ari ko ameze: mushire imbere ya mikoro ntaronka ico avuga, ariko mushire mu kibuga, arishura mu buryo buryoshe kandi bw’ubuhinga bubereye ijisho

Nk’uko yabivuze: "Nk'umukinyi, utegerezwa gutangira inyishu mu kibuga imbere ya vyose." Kandi yarabishikije, kuko amaguru yiwe ari yo avuga mu kibanza ciwe.


Inkingi ya mwamba muri Bayern


Benshi biyumvira ko Olise azokenera igihe kugira amenyere i Munich. We ubwiwe avuga ko itandukaniro riri hagati ya Crystal Palace na Bayern Munich ari "presyo" (pressure). "Muri Palace kenshi twaba turi umugwi muto witega gutangaza abandi, ariko muri Bayern ntabwo ari ko biri!"

Olise ntiyakanzwe n'iryo tandukaniro, kuko yatsinze ibitsindo 20 mu mahiganwa yose yongera atanga assits 23, yongera aba umukinyi umwe gusa wa Bayern yakinye inkino zose 34 muri Bundesliga kugeza aho batwara igikombe.


Si "umukinyi wa sezo imwe "


Naho Kompany amushimagiza, Thomas Muller, inararibonye y’uyu mugwi, avuga ko hari ibindi vyiza bimirije kuva kuri Olise. Muller aremeza ko umukinyi wa Bayern adasenywa n’umwaka umwe, ahubwo n'ukungene ashimika mu myaka myinshi. Muller yizera neza ko Olise afise ishaka ryo gutera imbere: "Nkurikije inyifato yiwe, mbona afise inyota yo gukomeza kuba mwiza. Ntabwo ari umukinyi wa sezo imwe."

Kandi Muller ntiyabeshe, kuko uyu mwaka wa kabiri wa Olise muri Bayern uruta uwa mbere. Nta mu winger i Buraya yose yagize uruhara mu bitsindo vyinshi muri uyu mwaka w’2025-26 kumurusha (ibitsindo 37 mu mahiganwa yose), kandi ni na we yatanze imipira ivamo ibitsindo myinshi (23).


Mentality nk'iya Kevin De Bruyne


Ukugene akoresha amaguru yiwe agakata aja hagati akoresheje ukuguru kw’ibamfu, bituma bamugereranya na Arjen Robben. Ariko Kompany amubona nk’umukinyi afise inyifato no mu mutwe (mentality) imwe n’iya Kevin De Bruyne. "Michael afise inyifato imuha amahirwe yo kuba umukinyi wa mbere kw’isi. Yitwararika utuntu duto duto mu bikorwa vyiwe, nk’uko nabibona kuri De Bruyne igihe twakinana."


Umu winger wa mbere mwiza kw'isi


Ubu Michael Olise afise amahirwe yo kwandika amateka mashasha muri Bundesliga agakuraho agahigo ka De Bruyne ka assits nyinshi mu mwaka umwe. Inyuma y’aho, afise intumbero yo gufasha Bayern muri Champions League no gufasha Ubufaransa mu gikombe c’isi.


Sami Khedira yabwiye ikinyamakuru BILD ko Olise ari we "mu winger wa mbere mwiza kw'isi ubu."

Buraya

You may also like