Comments
Umunyezamu wa mbere mwiza kw’isi? Raya afashije Arsenal gusubira ku murongo

David Raya ni we munyezamu wa mbere mwiza kw’isi. Ivyo ni ukuri nk’uko bagenzi biwe bakinana mu murwi wa Arsenal bavyemeza.
Uyu munyezamu yarerekanye ubuhanga budasanzwe mu gukuramwo imipira ine ikomeye mu rukino rwa Champions League, aho Arsenal yatsinze Sporting 1-0 babifashijwemwo n’igitsindo ca Kai Havertz mu minota ya nyuma.
Muri uyu mwaka, Raya amaze gukina inkino 41, muri zo inkino 22 ntiyigeze yinjizwa igitsindo na kimwe (clean sheets). Ibi bikaba bije mu gihe gikomeye cane kuri Arsenal, kuko yari imaze gutsindwa inkino zibiri zikurikirana, ari na ko abantu benshi bari batanguye kuvuga ko Arsenal idashobora gutwara ibikombe bikomeye muri iyi sezo
Impamvu Raya ari inkingi ya mwamba
Ikintu gitangaje ni uko muri izo nkino zibiri Arsenal yatsinzwe, Raya ntiyari mu kibuga. Umumenyereza Mikel Arteta yari yahisemwo gukoresha Kepa Arrizabalaga mu nkino z’ivyo bikombe (Carabao Cup na FA Cup), ariko amakosa ya Kepa yatumye Arsenal itsindwa na Manchester City na Southampton
Igihe Raya yagaruka mu kibuga mu rukino rwa Sporting, yarerekanye igituma ari we nimero ya mbere muri Arsenal. Kai Havertz, uwatsinze igitsindo c’intsinzi, yabwiye Amazon Prime ati:
"Ni umukinyi atangaje. Nibaza ko abantu benshi bakimufata nk’aho atari ku rwego rwo hejuru mu mupira w’amaguru, ariko kuri jewe, mu myaka ibiri iheze ni we munyezamu wa mbere mwiza kw’isi."
Ibiharuro n’ubuhanga bwa David Raya
- Clean Sheets: Raya afise 22 mu mahiganwa yose, akaba ari imbere y'abandi banyezamu bose mu mahiganwa atanu akomeye ku mugabane wa Buraya.
- Champions League: Afise inkino 7 atarinjizwa igitsindo, ari hejuru y'abandi banyezamu bose muri uyu mwaka.
- Premier League: Afise clean sheets 15 mu nkino 31, akaba ari we wa mbere mu Bwongereza.
Uretse gukuramwo imipira asimba (acrobatic saves), Raya anafasha Arsenal mu gutanguza attack akoresheje amaguru yiwe. Umumenyereza Mikel Arteta yagize ati:
"Umunyezamu muri iki gihe yarahindutse cane. Ibintu tumusaba gukora ni vyinshi, ariko David afise ubwitange n’ishaka ryo kubikora neza. Ni umukinyi adasanzwe, mwiza, kandi atangaje."
Naho Arteta atashatse kwemeza neza ko Raya ari we wa mbere mwiza kw’isi, ibiharuro n’imikinire yiwe birerekana ko ari umukinyi ntayegayezwa.
