Comments
Barcelona na Hansi Flick: N’iki kigiye gukurikira inyuma yo gusezererwa muri Champions League?

Gusezererwa kwa Barcelona muri kimwe ca kane ca Champions League kwongeye gukubita icizere c’abafana. Ni agahinda kamaze imyaka irenga icumi, kuko kuva mu mwaka wa 2015, Barcelona ntirashobora gutwara ico gikombe gihambaye kuruta ibindi ku mugane wa buraya.
Igihe baheruka kugitwara, Luis Enrique ni we yari umumenyereza, afise ubusatirizi buhambaye bwarimwo Lionel Messi, Luis Suarez, na Neymar (MSN). Uyu mwaka, intumbero ya Hansi Flick yari iyo kurenga aho bageze mu mwaka uheze, ariko indoto zabo zahagaritswe na Atletico Madrid. Uyu mugwi w’i Madrid niwo kandi wabasezereye mu gikombe c’Umwami, bituma Barcelona isigara ihiganirwa igikombe kimwe gusa: La Liga.
Muri La Liga, Barca iracakomeye kuko irayoboye n’amanota icenda imbere ya Real Madrid, mu gihe hasigaye inkino ndwi gusa.
Ibibazo n’Inyishu: Isesengura ry'abanditsi ba ' The Athletic' basanzwe bakurikiranira hafi Barcelona, Pol Ballus na Laia Cervello Herrero
Pol Ballus na Laia Cervello Herrero basanzwe bakurikiranira hafi Barca, barasesengura aho umugwi uhagaze n’ivyo tugiye kubona mu misi iri imbere
Ikibazo: None uku gutsindwa gufise uburemere bungana gute kuri Barcelona?
Pol: Iki gikombe ca Champions League niyo yari indoto ikomeye y’abakinyi. bwari uburyo bwiza bwo gushika kure, bakerekana ko bariko barakura, ariko ntivyakunze. Ni ibintu bibabaje cane, ariko ku rundi ruhande, Barcelona yarigenje neza mu yandi mahiganwa nka La Liga no kugaragaza inguvu muri Copa del Rey naho batsinzwe na Atletico, bitanga icizere k'umugambi wa Hansi Flick.
Laia: Sinibaza ko gusezererwa i buraya ari ikintu cosambura projet ya Flick. Ku ncuro ya mbere mu gihe kirekire, abafana n’ubuyobozi barafise icizere muri kazoza. Mu gihe ca Ronald Koeman canke Xavi, gutsindwa gutya vyashobora guhungabanya umugwi wose, ariko ubu hariho icizere ko "ejo ari heza". Gutsindwa ntivyatewe no kubura impano, ahubwo kwari ukubura abakinyi benshi basubirira abandi (squad depth) n’imvune nyinshi zibasiye umugwi
Ikibazo: Ese ibi hari ico bihindura kuri Flick canke ku migambi ya Barcelona?
Laia: Flick yaje asubirira Xavi muri Rusama 2024 mu gihe umugwi wari mu bihe bigoye. Yarashoboye gutwara ibikombe bitatu vyo mu rugo naho ata mahera menshi yari ahari yo kugura abakinyi bakomeye. Turiko tuvuga abakinyi bakiri bato cane bavuye mu ishure rya La Masia bariko bahangana na Real Madrid yaguze Kylian Mbappe. Ubuyobozi buzokomeza kwihanganira Flick kuko bazi ko ari we azobagarukana ku ntebe y’icubahiro i Buraya.
Pol: Flick afise amasezerano gushika mu 2027, kandi Perezida Joan Laporta yamaze kwerekana ko ashaka ko ayongera. Flick ubwiwe yavuze ko Barcelona ari yo kipe ya nyuma azomenyereza mu buzima bwiwe bw’umupira. Mu bijanye n’isoko ryo kugura abakinyi, Barcelona irakeneye cane myugariro wo hagati (centre-back) n’umusatirizi number 9. Icatumye batsindwa na Atletico n’uburambe buke mu bihe bikomeye, nk’aho Pau Cubarsi yahawe ikarata itukura.
Ni kuki bananiwe gushika kure?
Pol Ballus avuga ko amahirwe yari k'uruhande rwa Atletico Madrid mu rukino wa mbere, kandi ko kubura abakinyi bakomeye nka Raphinha vyababaje umugwi. Mu busatirizi, Robert Lewandowski na Ferran Torres ntibameze neza kuko bamaze amezi atari make bakinana imvune, bituma Lamine Yamal abura ubufasha imbere.
Ico Barcelona ikwiriye gukora ubu
Umwaka uheze ukwiye kubabera icigwa gikomeye. Inyuma yo gusezererwa na Inter Milan, Barcelona yatsinze Real Madrid maze itwara La Liga. Iyi niyo ntumbero n’ubu. Gutwara igikombe ca La Liga batsinze mukeba wabo w’ibihe vyose, Real Madrid, ku wa 10 Rusama
Ibi nivyo bikwiriye gutuma abakinyi n’abafana bagumana akanyamuneza
