Comments
Gutwara igikombe ca Champions League niyo ntumbero nyamukuru: Hansi Flick yerekanye ko ashobora kwongereza amasezerano muri FC Barcelona

Umumenyereza wa FC Barcelona, Hansi Flick, yemeje ku mugaragaro ko afise intumbero yo kuguma muri uyu mugwi ukomeye wo muri Espanye.
"Ivyo, ni vyo, niyo migambi yanje," uwo yahoze amenyereza umugwi nserukiragihugu w’u Budagi ni ko yishuye igihe yabazwa ko yoba yarangije gufata ingingo yo kwongereza amasezerano gushika mu mwaka wa 2028.
Perezida w’umugwi, Joan Laporta, yaheruka kuvuga ko Flick ahitamwo ko boyaga ivyo kongereza amasezerano igihe sezo izoba irangiye, mu gihe uwo mumenyereza we yari yabanje kwirinda kubivugako cane mu binyamakuru.
"Ndibaza arakwiye amasezerano mashasha kuko yarayakoreye ariko yahisemwo ko twoganira neza sezo imaze kurangira," ni ko Laporta yavuze mu misi iheze
Hansi Flick afise intumbero ryo guterura igikombe ca Champions League ari kumwe na FC Barcelona.
Inyuma yo kwirinda ibibazo kuri ico kibazo mu minsi iheze, ubu Flick yiyemereye ko yipfuza kuguma muri uyu mugwi kurenga umwaka wa 2027.
"Ego, nshaka kwongereza amasezerano, ariko uno si wo mwanya mwiza wo kubiyagako, kuko dufise indwi zihambaye imbere yacu," ni ko Flick yavuze imbere y'urukino rwo ku wa gatatu rwa shampiyona ruzobahuza na Celta Vigo. Yongeye arashimika ku gushaka kwiwe ko "gutwara Champions League ari kumwe na Barça no kuba ari we azoba ariwe mumenyereza igihe ikibuga gishasha (Camp Nou) kizoba camaze kuzura."
Muri aka kanya, Barcelona irusha Real Madrid amanota icenda mu gihe hasigaye inkino indwi gusa, ivyo bikaba bibaha amahirwe menshi yo gutwara igikombe. Gutwara igikombe ca kabiri ca Liga mu myaka ibiri Flick amaze muri uyu mugwi vyotuma agira ibikombe bitanu amaze gutwara kuva ashitse i Catalunya.
Ibiharuro vya Hansi Flick muri Barcelona:
- Inkino: 110
- Instinzi: 83
- Inkino zanganyijwe: 10
- Inkino yatsinzwe: 17
- Ibikombe yatsindiye :
- 1x Igikombe ca Shampiyona ya Espanye (2025)
- 1x Igikombe c’Umwami (2025)
- 2x Igikombe ca Super Cup ya Espanye (2025, 2026)
