Comments
Ingene Leicester yavuye ku gutahukana Premier League, ikamanuka mu cicaro ca gatatu mu myaka cumi

Ku musi nk'uyu Mu myaka cumi iheze, Leicester yari isigaje imisi mike ngo yegukane igikombe ca Premier League. Mu mwaka uza w’inkino, bazoba bakina mu cicaro ca gatatu (League One).
Kuva ku ntsinzi ya Premier League yatangaje isi yose, gushika ku rupfu rubabaje rwa nyen’umurwi Vichai Srivaddhanaprabha mw'isanganya ry'indege haciye imyaka ibiri, uyu murwi warabonye vyinshi mu myaka cumi iheze.
Mu mwaka wa 2016-17, bakina na Atletico Madrid muri kimwe ca kane ca Champions League. inyuma y’imyaka cumi, Leicester izoba ikina mu cicaro kimwe n’umurwi wa Bromley, uheruka kumara imyaka 132 mu myaka 134 umaze ubaho ukina mu mahiganwa adafise icicaro ( non-league )
Ukumanuka kwa Leicester kwabaye mu gihe gito
Inyuma yo kurangiza ku kibanza c’umunani muri Premier League mu 2022 no gushika muri demi-finale ya Conference League, umumenyereza w’ico gihe Brendan Rodgers yagabishije ko umurwi ukeneye guhindura ivyo witega.
Ikiza ca Covid caragize ingaruka nini kuri King Power—ishirahamwe rya Vichai rishora ibidandazwa ku bibuga vy’indege—kubera ko ingendo z’indege zahagaze. Izo ngaruka zarabandanije, maze inyuma yo gukina inkino umunane badatsinda mu ntango z’umwaka wa 2022-23, Rodgers yavuze ko Leicester ikwiye kwitaho gusa kuronka amanota 40.
Ivyo vyari bitandukanye cane n'ivyo uwo mumenyereza yahora avuga, aho yashaka guhangana n’imirwi ikomeye muri Premier League. Leicester yari yashatse kubishikako, aho yabuze amahirwe yo kuja muri Champions League ku musi wa nyuma w’inkino mu myaka ibiri ikurikirana (2020 na 2021).
Bari batsindiye FA Cup batsinze Chelsea ya Thomas Tuchel, ariko ugusubira inyuma kwaje mu gihe gito kubera kubura amahera akwiye yo kugura abakinyi bashasha. Mu gihe Leicester yagerageza kuguma aho iri, yisanze ahubwo iriko irasubira inyuma.
Naho bari bafise abakinyi bakomeye nka Jamie Vardy, James Maddison, na Youri Tielemans, Rodgers yirukanwe muri Ndamukiza 2023 umurwi uri mu bibanza bitatu vya nyuma. Dean Smith yaraje ariko ntiyashoboye kuwurokora.
Mu myaka itatu kuva Rodgers agiye, Leicester imaze kugira abamenyereza bashika kuri indwi, ivyo bigatuma umurwi ubura intumbero n’uburyo bwo gukina (identity). Bavuye kuri Smith baja kuri Enzo Maresca (uwabagarukanye muri Premier League mu 2024), baja kuri Steve Cooper, hanyuma kuri Ruud van Nistelrooy uwatsinze inkino 5 gusa mu nkino 27.
Marti Cifuentes yagenywe muri Mukakaro, ariko yirukanwa muri Nzero. Inyuma yaho, Gary Rowett ni we yagenywe haciye imisi 24, inyuma y'uko yari yirukanwe na Oxford. Munsi ya Rowett, Leicester yaramanutse kurushiriza, maze ugukurwa kw'amanota atandatu kubera kurenga amategeko y’ubutunzi kwatumye baguma mu kaga.
Ingaruka z’urupfu rwa nyen’umurwi
Urupfu rwa Vichai mw'isanganya ry'indege hanze y'ikibuga ca Leicester ntirushobora gufatwa minenerwe. Vichai yaguze Leicester ku mapawundi y'Abongereza imiliyoni £39 mu 2010, arariha amadeni yose, maze umurwi uraduga mu cicaro ca mbere haciye imyaka ine. Gutwara Premier League mu 2015-16 kwabaye imwe mu nkuru z’inkino zitangaje mu mateka.
Inyuma y’urupfu rwa Vichai, umuhungu wiwe Aiyawatt (azwi nka ‘Top’) ni we yafashe amabanga. Robert Huth, umwe mu bakinyi batwaye igikombe, yavuze ko Top yari akiri muto kandi ko bitari vyoroshe gushika mu bigere vya se mu gihe ishirahamwe rya se na ryo ryari rimukeneye.
Ingaruka z'ubutunzi
Ukumanuka kwa Leicester kuzana n'ibibazo bikomeye vy'ubutunzi. Umurwi wamenyesheje igihombo c'imiliyoni £71.1 mu mwaka wa 2024-25.
Mu cicaro ca gatatu (League One), amahera ava ku mboneshakure (TV revenues) ni make cane. Imishahara y’abakinyi bamwe bamwe ni myinshi kandi benshi baracafise amasezerano kandi kubaronkera iyindi migwi ibagura kizoba ikibazo
Bishobora gutuma umugwi utava mu cicaro ca gatatu vyoroshe kandi bigorana ko tuzosubira kuwubona muri Premier League vuba
