Comments
Lamine Yamal yakomeretse ariko 'yitezwe ko azoba yakize' mu gikombe c'isi

Umukinyi w'imbere w’umugwi nserukiragihugu wa Espanye, Lamine Yamal, ntabwo azosubira gukina inkino zisigaye za Barcelona muri iyi sezo, ariko yitezwe ko azoba ameze neza mu gihe c’igikombe c’isi.
Uyu mukinyi w’imyaka 18 yagize imvune y’imitsi y’itako ry’ibubamfu (hamstring) ku musi wa gatatu mu ntsinzi ya 1–0 Barcelona yatahukanye imbere ya Celta Vigo. Yari yashize Barcelona imbere ku gitsindo ca penariti ku munota wa 40, ariko aca yerekana ko akomeretse imbere yo kugwa hasi, yifashe kw'itako ry’ibubamfu. Yafashijwe gusohoka mu kibuga n’abaganga aca yerekeza mu rwambariro
Umugwi wa Barcelona waremeje iyo mvune ku musi wa kane, uvuga ko Yamal "azokurikiza uburyo bwo kuvurwa bufata igihe (conservative treatment)" kandi ko atazosubira gukina mu nkino z’ihiganwa zisigaye, naho "yitezwe ko azogaruka mu gihe c’igikombe c’isi."
Ibiri mu butumwa bwa Yamal kuri Instagram
Yamal yashikirije akanyamuneza gake ku rubuga rwa Instagram ku musi wa kane:
"Iyi mvune inkuye mu kibuga mu gihe nari nkeneye gukina cane, kandi birambabaje kuruta uko nobivuga. Birababaje kudashobora kurwana kumwe n’abagenzi banje, no kudashobora gufasha igihe umugwi unkeneye. Ariko ndabizigiye kandi nzi ko bagiye gutanga amagara yabo mu rukino rwose."
"Nzoba ndiyo, naho hoba ari inyuma y’ikibuga, nshigikira, ntera intege kandi nsunika nk’abandi bose. Ibi ntabwo ari iherezo, ni akaruhuko gusa. Nzogaruka nkomeye, mfise ishaka rishasha kurusha uko vyari bimeze, kandi isezo izoza izoba nziza kuruta."
Uko imigwi ihagaze n'inkino yimirije
- Barcelona: Ni bo bafise igikombe ca La Liga giheruka, ubu bakaba bari mu kibanza ca mbere n’amanota icenda imbere ya Real Madrid. Imigwi yompi izohura ku wa 10 Rusama mu rukino rumwe mu nkino zitandatu isigaye.
- Espanye mu gikombe c'isi: Espanye izotangura inkino zayo muri Groupe H:
- Ku wa 15 Ruheshi : Esupanye vs Cap-Vert
- Ku wa 21 Ruheshi : Esupanye vs Arabiya Sawudite
- Ku wa 27 Ruheshi : Esupanye vs Uruguay
