Comments
Mikel Arteta agabanya amakenga ku mvune za Kai Havertz na Eberechi Eze: ‘Ntitwibaza ko ari ibintu bikomeye’

Mikel Arteta yagabanije amakenga ku mvune Kai Havertz na Eberechi Eze bagize mu gihe Arsenal yatsinda Newcastle igitsindo 1-0.
Abo bakinyi babiri — bamaze igihe kirekire badakina muri uyu mwaka — bafatanije mu kwinjiza igitsindo c’intsinzi, ariko baca bumva utuvune inyuma y'igihe gito
Havertz yasubirijwe na Viktor Gyokeres ku munota wa 35, akaba yasohotse mu kibuga aboneka ko ababaye. Uwo mukinyi w’Umudagi yari yagize imvune y’umutsi (hamstring) umwaka uheze n’imvune y’ivi mu ntango z’ihiganwa rya Premier League ry’umwaka wa 2025-2026 muri Myandagaro, ariko yari yatanguye mu kibuga mu nkino zibiri ziheruka za Arsenal.
“Ni utuvune duto tw’imitsi, ntitwibaza ko ari ibintu bikomeye,” nivyo Mikel Arteta yavuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma y’urukino. “ Turarindiriye kuraba ko bazoshobora gukina ku wa gatatu.”
Eze yiyumvise ukutamererwa neza mu gice ca kabiri c’urukino, ariko biboneka ko kumusohora mu kibuga ku munota wa 54 kwari ukwirinda ko imvune yiyongera. Arsenal ifise urukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri ca Champions League ruzoyihuza na Atletico Madrid ku wa gatatu, hagaca haboneka n’ayandi mahirwe yo kurusha amanota Manchester City mu rukino rwa Premier League ruzobahuza na Fulham mu mpera z’indwi iza.
K'urundi ruhande, Bukayo Saka yagarutse mu kibuga mu minota ya nyuma y’urukino batsinzemwo Newcastle.
“Agarutse mu kibuga, mbona amerewe neza cane, ameze neza, ari Fresh,” nivyo Arteta yavuze. “Urabona ko hari ikintu gihinduka mu mugwi no mu kibuga iyo yinjiye, rero nico twari dukeneye. Reka turabe ukuntu azoba amerewe ejo, ariko ashaka gukina cane kandi afise ishaka ryinshi.”
Intsinzi ya Arsenal ku wa gatandatu yatumye isubira ku ntebe ya mbere ya Premier League, ikaba irusha amanota atatu Manchester City mu gihe hasigaye inkino zine gusa ngo ihiganwa rirangire ( Man City irafise ikirarane )
