Comments
Abakinyi bazopfuka iminwa mu gikombe c'isi mu gihe c'amatati bazohabwa ikarata itukura

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi (FIFA) ryasohoye amategeko mashasha akaze agiye gukoreshwa mu Gikombe c'Isi co muri rino ci. Aya mategeko azotuma abakinyi bahabwa ikarata itukura mu gihe bapfutse iminwa yabo mu gihe bari mu matati n'abo bahanganye.
Vyongeye, FIFA yategetse abahagarikizi bazoyobora rino higanwa guha ikarata itukura umukinyi uwo ari we wese azosohoka mu kibuga kubwo kwiyamiriza ingingo yafashwe n'abahagarikizi.
Izi mpinduka zafatiwe mu nama idasanzwe y'akanama kajejwe amategeko y'umupira w'amaguru (IFAB) yabereye i Vancouver. Kugeza ubu, aya mategeko azobanza gukoreshwa mu Gikombe c'Isi gusa, ntabwo azoshirwa mu rindi higanwa na rimwe.
Intandaro y'aya mategeko mashasha
Umuhagarikizi ni we azoba afise uburenganzira bwo kuraba uko ibintu vyifashe imbere yo gutanga ikarata itukura. FIFA yizeye ko iyi ngingo izotuma abakinyi batinya kwitwara nabi. Umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, ni we yasavye izi mpinduka inyuma y'ivyabaye mu kwezi kwa ruhuhuma, igihe, umukinyi wa Real Madrid, Vinicius Jr, yagirije Gianluca Prestianni wa Benfica ko yamututse amacakubiri ashingiye ku rukoba mu rukino rwa Champions League. Prestianni, yari yapfutse umunwa wiwe akoresheje umupira wiwe, yarabihakanye ariko UEFA yaramuhanye inkino zitandatu kubera ibitutsi vy'agahomamunwa yiyemereye ko yavuze.
Infantino yabwiye Sky News mu kwezi kwa Ntwarante ati: "Nimba umukinyi apfutse umunwa wiwe maze akavuga ibintu, ivyo na vyo bikavamwo amacakubiri, uwo akwiye kwirukanwa mu rukino bidatevye. Biboneka ko nimba apfutse umunwa, biba bishingiye ku kintu yavuze kidakwiye, kuko iyo bitaba ivyo ntiyari gupfuka umunwa."
Ibibazo vy'abakinyi basohoka mu kibuga
Ku rundi ruhande, ingingo yo guha ikarata itukura umukinyi asohotse mu kibuga yiyamiriza umuhagarikizi yaje inyuma y'ivyabaye kuri Final y'Igikombe ca Afurika (CAN). Ico gihe, umugwi wa Senegal warasohotse mu kibuga bamara umwanya muremure inyuma y'uko Maroke yari ihawe penariti mu minota ya nyuma.
Naho Senegal yaje gutsinda uwo rukino, ivyavuye muri iyo finale vyarahinduwe n'akanama ka sentare ka CAF, maze igikombe gihabwa Maroke. Ubu ico kibazo c’urwo rukino kiriko kirasubirwamo na CAS inyuma y'uko Senegali yitwaye.
IFAB yemeje aya mategeko mashasha ku wa Kabiri, ivuga ko yemeje aya mategeko abiri yasabwe na FIFA kugira ngo hatuzwe inyifato z’amacakubiri n’izindi zidakwiye mu kibuga.
