Comments
Bruno Fernandes yiyemeje guhesha Igikombe c’Isi Cristiano Ronaldo nk’ishimwe ry’ivyo yahaye umupira w’amaguru

Kizigenza wa Manchester United, Bruno Fernandes, afise intumbero yo gutahukana Igikombe c’Isi ca 2026 agihe Cristiano Ronaldo nk’ishimwe rya nyuma ry’ibihe bidasanzwe yagize mu mupira w'amaguru. Uyu mukinyi wo hagati yemera ko gutwara ico gikombe ari bwo buryo bwiza bwo gushimira CR7 kuvyo yahaye uyu mukino
Gusezera Ronaldo mu buryo bw’icubahiro
Mu kiganiro yagiranye na Wayne Rooney kuri BBC, Fernandes yatomoye ico yipfuriza kapiteni wiwe:
"Nzokora uko nshoboye kwose kugira ntere iteka igihugu cacu. Gusozerana iki gikombe c’isi ca nyuma na Cristiano (Ronaldo), tugatwara igikombe, vyoba ari ikintu gitangaje cane. Ndizigiye cane ko dushobora kubikora, atari ku bwa Portugal gusa, ariko no ku bw’ivyo vyose Cristiano yahaye umupira w'amaguru n'isi yose."
Inyota ya Cristiano itigera ihera
Naho amaze gukura mu myaka, Ronaldo aracakomeye mu mugwi wa Roberto Martinez. Uyu musatirizi wa Al-Nassr niwe amaze gutsinda ibitsindo vyinshi mu mateka y'imigwi nserukirabihugu (ibitsindo 143) kandi ntarerekana ko ashaka kurekura ikibanza ciwe. Martinez yavuze ko uyu mukinyi amaze igihe kirekire akina kubera gukomera mu mutwe:
“Nama nibaza ko umubiri ari wo utuma umukinyi asezera, ariko ni umutwe. Umutwe wa Cristiano nturafata iyo ngingo naho afise imyaka 40 canke 41. Umukinyi w'igihangange ntaba afise impano gusa, ahubwo n’uburyo amera mu mutwe no kwihangana.”
