Comments

No comments yet. Be the first to comment!

Salah, Mbappe n’impungenge z’imvune habura imisi 45 ngo Igikombe c’Isi gitangure

Admin's avatar
Admin
Salah, Mbappe n’impungenge z’imvune habura imisi 45 ngo Igikombe c’Isi gitangure

Xavi Simons yagize imvune y'ivi kuwa gatandatu izotuma asiba igikombe c'isi



Igihe Estevao yasohoka acumbagira mu rukino rwa Chelsea vs Man United mu ntango z’uku kwezi, vyerekanye ko ibintu bikomeye. Ugucika k’umutsi w’inyuma y’itako (grade-four hamstring tear) kwatumye haba gushidikanya kwinshi nimba azoshobora kwerekeza mu Gikombe c’Isi.


Ubu tugeze mu "gihe c’akaga." Imvune imwe ishobora kuba iherezo ry’indoto z’abakinnyi 1,248 bipfuza kwerekeza muri Amerika, Kanada, na Megizike. Imisi 45 isigaye ntishobora guha umwanya ukwiye umukinyi agize imvune ikomeye ngo akire neza. Ni na ko vyashikiye Kylian Mbappe na Mohamed Salah, bose bagize imvune z’imitsi mu mpera z’indwi iheze.


Vyitezwe kubona nimba Salah yarakinye urukino rwiwe rwa nyuma muri Liverpool


Lamine Yamal wa Espanye na we yateye ubwoba benshi kubera imvune y’itako, mu gihe Rodrygo (Berezile) na Serge Gnabry (u Budagi) na Hugo Ekitike ( France ) bamaze kwemera ko batazoshobora gukina kubera imvune zikomeye bazomara igihe kirekire hanze.


Icizere gishasha kuri Romero n’abandi bavunitse


Cristian Romero, umukinyi wa Tottenham na Arijantine, na we nyene ari mu mazi ashushe inyuma yo kuvunika. Ariko, hariho icizere: Igikombe c’Isi c’uyu mwaka kizomara imisi 38 kubera ko cagutse (kirimo imigwi 48). Ibi bituma abamenyereza bashobora gushira abakinyi bavunitse mu rutonde rw’abantu 26, bizigiye ko bazokira imbere y’uko inkino zo gukuranamwo (knockouts) zitangura ku wa 28 Ruheshi.

Nk’uko Roberto De Zerbi yabivuze, ibi bishobora guha amahirwe Romero na Arijantine


Intuntu ya Xavi Simons


Ku ruhande rw’u Buholande, icari giteye ubwoba camaze gushika. Xavi Simons yasohotse ku nderuzo kubera ikibazo c’ivi, maze ku ruhome rwiwe rwa Instagram yerekana akababaro kenshi:

"Bavuga ko ubuzima bushobora kubabaza... umutima wanje uramenetse," ni ko yanditse. "Ico nipfuza gusa ni ukurwanira umugwi wanje, none ubwo bushobozi nabutakaje.... hamwe n’Igikombe c’Isi. Ntivyumvikana. mu vyukuri, ndababaye.

Muri iyi misi, abakinyi, abamenyereza n’abafana bose bafise ubwoba. Ico bashobora gukora gusa ni kwizigira ko batazoshikirwa n’ivyago nk’ivyashikiye Simons, Estevao, na Gnabry.

Kw'isi

You may also like