Comments
Impamvu Morocco ari umukandida nyakuri wo gutwara Igikombe c'Isi

Maroc ntiyatsinze Canada gusa ngo yinjire muri kimwe ca kane c'Igikombe c'Isi. Yerekanye kandi ko ubu itagishobora gufatwa nk'umugwi utangaza abantu mu kanya gato, ahubwo ari imwe mu yifise ubushobozi nyabwo bwo gutwara iki gikombe. N'aho urukino rwayo rutabaye rwiza cane, yerekanye ikintu gihambaye: imigwi ikomeye irazi gutsinda no mu gihe itakinye neza.
Gutsinda ata gukina neza na vyo ni ikimenyetso c'ubukomezi
Maroc yatsinze Canada ibitsindo 3-0, ariko uwo mugwi ntiwigeze usatira cane imbere y'izamu. Mu vy'ukuri, warangije ufise amashoti make cane ku munyezamu mu mateka y'inkino zo gukuranamwo z'Igikombe c'Isi ku ruhande rw'imigwi yatahukanye intsinzi.
Mu ntango z'urukino, Canada ni yo yatanguye neza, Jonathan David na Tani Oluwaseyi baronka uburyo bwo gutsinda, ariko umunyezamu Bono aratabara. Mu minota 15 ya mbere, Maroc ntiyari bwahonyore no muri mukore umbone y'umwansi.
Ariko uko urukino rwagenda ruratera imbere, Atlas Lions bashoboye kwigarurira ikibuga. Nk'uko umumenyereza wa Canada Jesse Marsch yabivuze, Maroc yanyiganyijwe, ariko ntiyigeze isenyuka.
Iyi Maroc ntikiri iyo gutangaza abantu
Mu gihe Canada yari ifise abakinyi bayo bakomeye, Maroc yashoboye kubapfunga neza. Stephen Eustaquio ntiyashoboye gutanga imipira , Jonathan David na we ntiyigeze aronka umwidegemvyo wo gutera mw'izamu.
Ku rundi ruhande, Achraf Hakimi yongeye kwerekana igituma afatwa nk'umwe mu bakinyi beza kw'isi bakinira ku ruhande rw'inyuma, mu gihe Brahim Diaz yatanze imipira ibiri yavuyemwo ibitsindo. Ivyo vyatumye agira imipira ine yavuyemwo ibitsindo mu mateka y'Igikombe c'Isi, ibintu ata wundi mukinyi wo muri Afrika arashikako.
Umumenyereza Mohamed Ouahbi yavuze ko ikintu gihambaye atari ugukina neza igihe cose, ahubwo ari ukuguma wizigira uburyo ikipe isanzwe ikinisha no kutatakaza akaranga kayo mu bihe bigoye.
Hari ibigeragezo bikomeye bikiri imbere
N'aho Maroc itaratsindwa mu nkino 34 iheruka mu mahiganwa yose, hari abibaza nimba imaze guhura n'ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi muri iri Higanwa ry'Isi.
Yanganije na na Brésil, itsinda Écosse na Haïti, isezerera Pays-Bas muma penariti, hanyuma inyagira Canada. Ariko izohura n'Ubufaransa muri kimwe ca kane, urukino ruzopima neza urugero rw'ubushobozi bwayo.
Abasesanguzi bamwe bavuga ko iyo Maroc yokwinjira nabi nk'uko yabigenjeje mu gice ca mbere c'urukino rwa Canada, yoshobora guhanwa n'ikipe ifise ubukomezi nk'Ubufaransa. Ariko kandi bose baremera ko iyi Maroc ishobora gutera ubwoba iyo ironse akanya ko gukina ku muvuduko.
Intsinzi yubatswe imyaka myinshi
Ikintu gitandukanya Maroc yo muri kino gihe n'iyo yabaye igitangaza muri Qatar mu 2022 ni uko ubu ifise umushinge ukomeye wamaze imyaka wubakwa.
Igihugu carashize amahera menshi mu nyubakwa z'ukumenyereza no mu guteza imbere impano z'abakiri bato ku bufasha bw'Umwami Mohammed VI. Ivyo vyatumye Maroc isubira kuba igihugu gikomeye muri Afrika, ndetse irashobora no gukwegera abakinyi bakomoka mu miryango y'Abanyamaroc baba i Buraya.
Ni co gituma uyu munsi Maroc itakivuga ko ishaka gutangaza isi. Ivuga ko ishaka kuyiganza. Kandi iyo ni yo mpinduka nyamukuru: Atlas Lions ntibakiri umugani w'igihe gito, ahubwo babaye umwe mu bakandida nyakuri bashobora kwandika amateka mashasha y'umupira w'amaguru wa Afrika.
